Uko wahagera

Raporo y'Ubugenduzi Bukuru bwa Reta kuri Dossier Ijanye n'ivy'Ibiturire Iherutse Gusohoka



Mu Burundi, raporo kuri dossier ijanye n’ivy’ibiturire aho abahoze ari abashikiranganji bajejwe ikigega babiri bayagirijwemwo iherutse gusohogwa n'ubugenduzi bukuru bwa Reta.

Mu kiganiro umuyobozi w’ishirahamwe OLUCOME rijejwe kugwanya ibiturire n’isesagugwa ry’itunga rya leta mu Burundi, Gabriel Rufyiri, yatanze, yamenyesheje ko iyo raporo bayakiye neza kuko yaje ishimangira ivyo bari bamaze imyaka ishika kuri ibiri bavuga ata numwe abumva. Ngo yamara kubera bagumye bavyerekana, abo muri Reta vyarahavuye bitabatera isoni. Ngo akaba arico gitoma vyagiye ahagaragara.

Umuyobozi w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri avuga ko iyo raporo yerekana ukugene hari amafranga yasohotse mu buryo budatomoye agahabwa “Societe’ y’ibitoro, Intepetrole. Ku bwa Rufyiri, ngo ayo mafranga yahawe iyo “Societe” ata kintu na kimwe kigaragara ko yakoze. Ku bwiwe rero ngo n’ukuvuga ko aayo mafranga yibwe.

Gabriel Rufyiri yiyumvira ko Reta izokwirikirana ico kibazo ngo yamara baguma bafise impungenge kubera ko raporo zimaze kugigwa ari nyinshi ngo yamara nta giceri na kimwe kirinjira mu kigega ca Reta ngo nuko ayo ma raporo yabaye.

XS
SM
MD
LG