Uko wahagera

Umukuru wa Reta y'Igihugu c'Ubuswisse Yiyemeje Kwongereza Infashanyo mu Burundi


Micheline Calmy-Rey,umukuru wa
Reta w'igihugu c'Ubusuisse yagize uugendo rw'amasaha
mirongo ine n'umunani i Bujumbura ku mugwa mukuru
w'Uburundi.

Ku kibuga c'indege ca Bujumbura, Micheline Calmy-Rey
yakiranywe icubahiro kinini.Umukuru w'igihugu
c'Uburundi,ivyegera vyiwe bibiri n'abashikiranganji
benshi hamwe n'intwazangabo mu ntwaramiheto bari
bahashitse.

Acururuka indege Micheline Calmy Rey yabwiye
abamenyeshamakuru ko urugendo rwiwe ruri mu ntumbero
yo kwerekana ko Ubusuisse bushigikiye Uburundi mu
migambi ibiri:iterambere n'ukunywanisha Abarundi.

Imibonano yaciye ayitangurira muri Ligue
Iteka,ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu,
aho yunvirije abigeme n'abakenyezi bafashwe ku nguvu.
Ubusuisse busanzwe bufasha ligue Iteka mu kugwanya
amabi yo gufata abantu ku nguvu.

Abategetsi b'Uburundi baganiriye ku bikenewe
mw'iterambere no mu guharanira amahoro n'umutekano.
Calmy Rey Micheline yavuze ko inyuma y'urugendo rwiwe
azoca ashikiriza umugambi utomoye neza mu vyerekeye
gufasha ibihugu vy'Uburundi, Urwanda na Kongo
iharanira demokarasi.

Ubusuisse buri mu bihugu vyafashije cane Abarundi mu
biganiro vyo kugarukana amahoro n'umutekano, inyuma
y'urugendo umupfasoni Calmy Rey Micheline yiyemeje
gufasha mw'iterambere.Uwo mupfasoni yaciye mu Burundi
avuye muri Kongo, kur'uwu wa gatatu yasubiye inyuma
agana mu Rwanda.

XS
SM
MD
LG