Uko wahagera

Impunzi z'Abarundi Zitahuka Zihabwa Amafranga, Ibifungurwa n'Ibikoresho


Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 12 ukwezi kw'indwi ishirahamwe ryitaho impunzi
kw'isi HCR ryatanguye gutahukana impunzi z'Abarundi mu buryo butari busanzwe bukoreshwa,uwutahutse ahabwa amafaranga, ibifungurwa n'ibikoresho.

Amafaranga atangwa ni ibihumbi mirongo itanu vy'amarundi,ibifungurwa bitangwa navyo bigenewe gukora mu kiringo c'amezi ane.Ibikoresho bitangwa ni amasufuriya, amasahani, ibiyiko,indobo, amasuka n'ibindi vyo mu nzu. Muri kahise abatahuka nta mafaranga bahabwa.

Ingingo yogutanga amafaranga ije kugira ingingo yo kugara amakambi yose imbere y'impera z'umwaka ishoboke. Kur'uwu wa kabiri i Gisuru mu Ruyigi hinjiye abantu amajana abiri na mirongo itanu, igitigiri gisumba kure c'abatahuka muri kahise.

XS
SM
MD
LG