Uko wahagera

Ubukene Bw'Ibitoro mu Burundi n'Ibiciro Bibandanya Biduga


Amashirahamwe indwi adandaza ibitoro mu Burundi yarasohoye urwandiko rumenyesha ko atagishoboye kubandanya kujana ibitoro mu Burundi. Ayo mahirahamwe ariyo: Engen Burundi, Sicopp, Glic, Petrobu, Sobico,Total na Interpetrol avuga ko akora ahomba. Mu bibanza bidandarizwamwo igitoro henshi usanga hagaragara, ahandi naho ugasanga imiduga ari urutavanako.

Insiguro nyamukuru zitangwa mu rwandiko rwashizweko umukona rugashikirizwa abamenyeshamakuru atakandi kajambo ni zibiri: Ku masoko mpuzamakungu ngo ibiciro birarengeye ibiciro vyo mu gihugu, amafaranga y'agaciro nayo nyene ngo agurwa amafaranga menshi cane. Aha twobamenyesha ko idorari ijana rigurwa amafaranga hafi ibihumbi n’ijana na cumi y'amarundi.

Ku masoko yo mu gihugu, iritiro ry'ibitoro rigurwa idorari n'inusu, ariko abadandaza nti bavuga neza ico baba bariranguyeko ku masoko yo hanze, uretse ko bavuga gusa ko bakora bahomba. Mu mezi atatu arangiye, ibitoro vyinjiye mu Burundi vyari vyaragabanutse cane kuva ku malitiro imiriyoni cumi gushika ku miriyoni zitatu nk'uko vyemezwa n'umushikiranganji ajejwe imigambi y'ubudandaji n'amahinguriro, ari naho yaciye aduza igiciro mu kwongerako amafaranga adashika idorari rimwe.

Naho haheze indwi hafi zine igiciro kidugijwe, abadandaza ibitoro nti bashimye igiciro gishasha. Ku bwabo bavuga ko kugirango bakore bunguka kandi babandanye bajana ibitoro mu Burundi, iritiro yotegerezwa kugurwa hafi idorari zibiri. Kuva umwaka utanguye, reta y'Uburundi imaze kuduza igiciro c'ibitoro incuro gatatu. Biribonekeza ko igihe cose abadandaza ibitoro bavyipfujije, igiciro gica kiduzwa. Iyo igiciro c'ibitoro kiduze n'ibindi bidandazwa vyose bica biduga ibiciro, cane cane ukwiyunguruza n’ibiribwa. Ari naco gituma reta ariyo ishinga ibiciro vy'ibitoro.

Abadandaza ibitoro bafise inguvu ziva k’ukuntu reta y'Uburundi itagifise ikigega c'ibitoro vy'integabizoza. Amafaranga yagura ivyo bitoro aherutse gufutwa, kuko nk'uko umushikiranganji w'ubudandaji abivuga, ngo vyaribonekeje ko muri kahise ayo mafaranga yanyuruzwa n'abategetsi atadomako urutoki.

Ku kwezi, Uburundi bukoresha umuriyoni n'inusu w'amaritiro y'ibitoro, nk'uko ibiharuro bitangwa mu bushikiranganji bujejwe ubudandaji buvyerekana. Abarongoye amashirahamwe adandaza ibitoro bavuga ko hamwe igiciro kitoduzwa, mu kwezi kumwe n'inusu nta bitoro vyoba bikivugwa mu Burundi.

XS
SM
MD
LG