Uko wahagera

Umushingwamanza wa Hussein Radjabu Agiye Kwitura Sentare yo muri Afrika


Mu kiganiro umushingwamanza Prosper Niyoyankana aburanira Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD, yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko agiye kwitura Sentare yo muri Afrika ikurikirana ivyerekeye agateka ka zina muntu, k’urubanza Hussein Radjabu akurikiranwamwo n'ababuranira reta y'Uburundi.

Prosper Niyoyankana asigura ko vyagaragaye ko abacamanza b'Uburundi badakurikiza amategeko. Avuga kandi ko bigaragara ko atabwigenge bafise mur'urwo rubanza. Uwo aburanira Hussein Radjabu avuga ko urwo rubanza ari urwa poritike, kandi ko ata rubanza ataho rwegamiye ashobora kwitega, kikaba ari naco gituma agiye kwitura Sentare yigenga koko.

Uwuburanira Hussein Radjabu avuga ko yatoye gushingisha urubanza muri Sentare ya Afrika ikwirikirana ivyerekeye agateka ka zina muntu, ngo kubera ko uwo aburanira apfunzwe nabi kandi bidakurikije amategeko. Hussein Radjabu amaze imisi mirongo indwi n'itatu apfungiwe mw'ibohero rya Mpimba, i Bujumbura. Kuva ahagarikwa yapfungiwe mu cumba ca we nyene kitagira amadirisha nk'uko inkuru ziva mu mpimba zivyemeza. Nta munyororo n’umwe babonana, ariko umuryango wiwe urashobora kumugemurira ibipfungurwa.

Tubibutse ko Hussein Radjabu yapfunzwe yagirizwa ko yagize umugambi wo guhungabanya umutekano mu gihugu no gusenyura inzego.

XS
SM
MD
LG