Uko wahagera

Inyamaswa 23 za Gorilles Zarahawe Amazina mu Rwanda


Mu Rwanda ku musi wa gatandatu w’indwi iheze harabaye ibirori vy’ukwita amazina inyamaswa za “Gorilles”. Muri ivyo birori, “Gorilles” mirongo ibiri na zitatu zarahawe amazina.
Mu kiganiro na Madame Rosette Chantal Rugamba ashinzwe ikigo kijejwe guteza imbere ivyerekeye ingenzi, ORTPN, yatangaje ko abantu benshi cane bari bitavye ibirori vy’ukwita amazina inyamaswa za “Gorilles”. Ngo abari batumiwe bageze ku gihumbi biyongeye ku banyagihugu bashika ku bihumbi cumi bitavye ivyo birori. Umupfasoni Rugamba avuga ko abanyamahanga bagera kuri mirongo itandatu na babiri baje muri ivyo birori. Ngo muribo harimwo abantu bazwi cane mu vyerekeye kubungabunga ibinyamaswa.

Umupfasoni Rugamba amenyesha ko kwita amazina inyamaswa za “Gorilles”, ari igikogwa kimaze imyaka irenga mirongo ibiri kirangugwa n’ikigo kijejwe guteza imbere ivyerekeye ingenzi ngo yamara mu mwaka w’2005, nibwo bwa mbere vyashizwe ku mugaragaro kugira bifashe kumenyekanisha ivyiza Urwanda rugezeko, cane cane mu kubungabunga inyamaswa za “Gorilles”, zisigaye ari nke cane kw’isi.

Umuyobozi w’ikigo kijejwe guteza imbere ivyerekeye ingtenzi mu Rwanda, umupfasoni Rosette Chantal Rugamba amenyesha ko kugira bashike kuri uwo mugambi bategerezwa guha abanyagihugu uruhara rw’ukwumva akamaro k’izo nyamaswa kugira bashobore kuzibungabunga.
Avuga ko bubakiye abanyagihugu ihoteri y’umulioni w’ama dollari izorangira mu kwezi kw’umunani, ibigega vy’amazi birenga cumi, amashule atandatu, ibibanza vy’ukuvuriramwo hamwe n’ibindi vyinshi bibafasha.

XS
SM
MD
LG