Uko wahagera

Abamugariye k'Urugamba Barasaba Amategeko Abagenga


Ku nzandiko abamugariye k’urugamba berekana mu myiyerekano bagize imbere y’ibiro vy’umukuru w’igihugu, kw’igenekerezo rya 25 ukwezi kwa gatandatu, bavuze ko bakeneye amategeko agenga abamugariye ku rugamba bose. Ikindi basavye, n’ukuronswa agashahara kabo kuko bavuga ko kagabanuwe amafaranga ibihumbi cumi n'umunani, n’ukuvuga hafi amadorari mirongo ibiri, kubera ko atakazi k'igisoda bagikora.

Niko ngo bararonka amafaranga atangwa n'ishirahamwe ritegekaniriza kazoza n'impanuka abakozi, ariko ngo nta cotuma agashahara kabo kagabanuka. Mu gisoda naho basigura bavuga ko ata cosigura ko umusoda atagikora akazi ka misi yose yoranswa amafaranga bita agashiruka bute.

Ibisabwa kandi vyerekeye ukuvuza ku buntu abamugariye ku rugamba n'ababo, kuronswa inyubakwa no guheberwa amakori yose.

Abitavye iyo myiyerekano nti bashika ijana ariko uwubaserukira yabwiye Ijwi rya Amerika ko bari mu gihugu cose. Yibaza ko bashika ibihumbi cumi na bibiri. M’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bavuga ko ata gitigiri gitomoye neza bazi, ariko bakavuga kw’ibihumbi cumi na bibiri ar’ugushikuza.

Mu bamugariye k’urugamba, bamwe n’abahoze bagwana k’uruhande rwa reta, abandi nabo mu mihari yagwanya ubutegetsi bw'ico gihe. Umwe mubo twaganiriye asigura ko bamaze imyaka irenga ibiri basaba amategeko abagenga, ariko ko amaso yaheze mu nzira. Ni naco gituma bashimye kwishikira ku biro vy'umukuru w'igihugu.

Abo bamugariye ku rugamba bari mu mice ibiri:abamugaye cane, benshi bacitse amaguru yose n'abamugaye bisanwze ni ukuvuga abacitse ukuguru canke ukuboko kumwe n'ababuze ijisho canke ikindi gihimba c'umubiri. Abegereye mu biro kwa Perezida batumenyeshje ko perezida Nkurunziza yemeye kubandanya aganira n'abo bamugariye ku rugamba.

XS
SM
MD
LG