Uko wahagera

Ibarabara ry'Indarayi  Riva i Kigoma muri Tanzania Rija i Bujumbura mu Burundi Rigiye Kwubakwa


Kw’igenekerezo rya 21 ukwezi kwa gatandatu, umwaka wi 2007, imbere y'uko Perezida wa Tanzania, Jakaya Mrisho Kikwete, yurira indege imutahukana mu gihugu ciwe, avuye m’urugendo yamazemwo imisi mu Burundi, yarabonanye n'abagwizatunga bo mu Burundi.

Abo badandaza bamutuye ingorane bakunda kugira mu gukura ibindandazwa vyabo mu gihugu ca Tanzania. Bashikirije ingorane nyamukuru zitatu. Ingorane yambere, n’uko ku kivuko c'i Dar-Es-Salaam, abandandaza b'abarundi batagira aho babika ibidandazwa vyabo. Iyindi ngorane, ngo impapuro zisabwa n’umurengera. Mu nzira naho amabarabara ngo yarononekaye. Ngo n’ibarabara ry'indarayi riva i Dar-Es-Salaam rija i Kigoma utera uja i Bujumbura rimeze nabi.

Mu mubonano Prezida Kikwete yagiranye n'abadandaza b'abarundi, yababwiye ko yumva ingorane zabo, aca abemerera ikibanza c'abarundi ku kivuko c'i Dar-Es-Salaam. Ku vyerekeye amayira, Prezida Kikwete yiyemeje gusubiramwo ibarabara ry'indarayi riva i Dar-Es-Salaam rija i Kigoma, no gufasha abarundi kwubaka ibarabara ry'indarayi riva i Kigoma rija i Bujumbura. Prezida wa Tanzania yavuze ko amaze kubona iyo amafaranga yo kurangura uwo mugambi azova. Hermenegilde Ndikumasabo arongoye ishirahamwe ry'ubudandaji, indarayi, n'amahinguriro, mu Burundi yavuze ko yashimishwijwe cane n'umubonano bagiranye na Prezida wa Tanzania.

Tubamenyeshe ko ibice birenga mirongo umunani kw'ijana vy'ibidandazwa biboneka mu Burundi bica mw'ibahari Indiyana bigashikira ku kivuko c'i Dar-Es-Salaam. Inyuma y'urugendo rwiwe mu Burundi, Perezida Kikwete yabwiye abamenyeshamakuru ko Prezida wa Tanzania na Prezida w’Uburundi biyemeje gutsimbataza imigenderanire, no gufashanya mu vyerekeye poritiki, imibano, n'urudandazwa.

XS
SM
MD
LG