Uko wahagera

Uburundi Bwaremerewe Icese Kwinjira mw'Ishirahamwe ry'Ugufashanya mu vy'Ubutunzi mu Karere ko muri Afrika yo mu Buseruko


Uburundi bwaremerewe icese kwinjira mw’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko. Twaraganiye na Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere ku kugene yakiye ukwemeregwa kw’Uburundi mw’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko.

Zenon Nicayenzi avuga ko ari ikintu ciza. Ngo harimwo inyungu zikomeye. Amenyesha ko Uburundi buzoca bworoherezwa amafranga bwahora butanga ku bidandazwa bishoregwa canke biva hanze bitegerezwa guca ku bivuko vya Dar-es-salaam na Mombasa. Ngo yamara abarundi bategerezwa kwisubirako bakimbura mu mahinguriro no mu mirima yabo no mu vyerekeye ubwenge kugira bashobore guhiganwa mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko.

Ku bibazo bihari Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere avuga ko ibindi bihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko biri imbere y’Uburundi mu vyerekeye iterambere. Ngo kubera izo mvo abarundi bategerezwa guhindura uburyo basanzwe bakora kugira bashobore guhiganwa n’abandi. Ngo bategerezwa kwiga neza icongereza n’igiswahili ngo yamara batibagiye n’ikirundi cabo.


Arangiza avuga ko Uburundi butazokura inyungu buno nyene mw’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ryo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko. Ngo mu myaka ya mbere bizogorana kubera abarundi bacikwega, batararonka intwaro ibereye, Leta umurikira abanyagihugu mu vyerekeye intwaro n’ubutunzi, n’imico abantu bashaka iterambere bategerezwa kugira, ngo nayo akaba ari ugusonera umwanya n’amategeko.

XS
SM
MD
LG