Uko wahagera

Abakenguzamateka Barabandanya Kuva m'Umugambwe CNDD-FDD


Inyuma y'umukenguzamateka wo mugambwe CNDD-FDD yatowe mu ntara ya Kirundo aherutse kumenyesha ko avuye m’umugambwe CNDD-FDD, umukenguzamateka Generose Inakanyana nawe nyene yatowe mur’uwo mugambwe yarasohoye urwandiko ruvuga ko asezeye m’umugambwe CNDD-FDD.

Mur'urwo rwandiko, Generose Inakanyana asigura ko avuye m’umugambwe CNDD-FDD kubera ko utubahiriza ivyo wiyemeje mu bijanye n’intwaro ibereye, kwubahiriza agateka ka zina muntu na demokarasi. Kuva uwo umugambwe utanguye kugira ingorane zo gucanamwo bivuye ahanini kw'ikurwa rya Hussein Radjabu mu mabanga yo kurongora umugambwe, mu nyuma agapfungwa, umugambwe CNDD FDD umaze gutakaza icese gushika ubu abakenguzamateka babiri n'abashingamateka batatu.

Inakanyana Generose avuye muri CNDD-FDD yari mu bantu begereye kandi bumvirizwa cane na Hussein Radjabu akirongoye umugambwe. Ni umudandaza yavuzwe cane ku vyerekeye kunyegeza isukari akayishora mu mahanga kandi ikenye cane mu Burundi. Abandi badandaza bavuga ko yakingirwa ikibaba na Hussein Radjabu, yasa n'uwatwara inzego zose. Generose Inakanyana nti yigeze yihanganira ikurwa rya Hussein Radjabu, ari naco gituma batakivuga rumwe na Perezida Petero Nkurunziza.

XS
SM
MD
LG