Uko wahagera

Ibikorwa vya Gisirikare m'Uburaruko no m'Ubuseruko bw'Uburundi


Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bumaze imisi burungika igitigiri kinini c'abasoda n'ibigwanisho mu ntara za Muyinga, Cankuzo na Ruyigi.

Umuvugizi w'ugwego gwa gisirikare m'Uburundi, riyetena koroneri Adolphe Manirakiza yabisiguye avuga ko muri utwo turere hamaze imisi hari imigwi y'abantu bitwaje ibigwanisho basahura abahita cane cane abadandaza. Abo bantu yita abasuma ngo baramaze kuba benshi, kandi ngo barahungabanya umutekano.

Mu ntara ya Muyinga haravugwa imigwi y'abantu bitwaje ibigwanisho, batanguye kwibonekeza kuva aho Hussein Radjabu yahoze atwara umugambwe CNDD-FDD akuriwe agapfungwa. Inkuru ziva i Muyinga zemeza kw'abo bantu bafitaniye isano n'ingorane ziri mu mugambwe CNDD-FDD. Naho umuvugizi w’ugwego gwa gisirikare avuga ko abo bantu ari abasuma gusa, arongera akavuga ko babangamiye umutekano, kikaba ari naco gituma bagiye kubagwanya bivuye inyuma.

Abo bantu batanguye kuvugwa mw'ishamba rya Ruvubu i Muyinga, mu nyuma bongera kuvugwa i Ngozi muri komine Tangara. Umuvugizi wa gisirikare avuga ko bafise n'inkuru zivuga ko hariho n'abandi bagiye kuva muri Tanzaniya.

Tubibutse ko Hussein Radjabu yahoze atwara umugambwe CNDD-FDD yatawe mu munyororo yagirizwa ko yashaka guhungabanya umutekano no gusenyura inzego z'igihugu. Amaze gufatwa, haravuzwe ko yari amaze gushinga imigwi yamufasha mur’uwo mugambi. Ku mabarabara amwe amwe yo mu ntara za Ruyigi, Cankuzo na Muyinga, umutekano ntushimishije nk'uko vyemejwe n'ugwego gw’igisirikare c'Uburundi. Imbere y’uko Hussein Radjabu apfungwa yavuze ko azobandanya poritiki y'ivyiyumviro gusa.

XS
SM
MD
LG