Uko wahagera

Ikiganiro c'Umuryango: Imfashanyo y'Amakungu Izohindura Iki k'Ubuzima bw'Abarundikazi?


Uburundi buheruka kwemeregwa imfashanyo y’amafaranga arenga imiriyoni amajana atandatu y’amadorari azofasha mu migambi yo kwubaka igihugu no kugabanya ubukene. Ivyo vyemewe mu nama iheruka kubera i Bujumbura mu Burundi, yitabwe n’abaserukira ibihugu birenga mirongo itandatu n’amashirahamwe mpuzamakungu.

Umupfasoni Christine Ntagwirumugara, umushingamateka akaba kandi aharanira agateka ka muntu, na cane cane agateka k’abakenyezi mu Burundi, avuga ko ayo mafaranga amakungu yemereye Uburundi, ni yatangwa bizohindura ikintu kinini, cane k’ubuzima bw’abakenyezi n’imiryango muri rusangi. Avuga ko bizotuma ubukene bugabanuka cane, kandi kw’izoba ari intambwe nini mu nzira yo guteza imbere ubuzima bw’abakenyezi n’imiryango mu Burundi.

Yamara, umupfasoni Ntagwirumugara avuga ko abategetsi b’Uburundi nabo bategerezwa gukora ibisabwa n’abo bemeye gufasha Uburundi, kugira ngo batangure gutanga ayo mafaranga bemeye bidatevye.

XS
SM
MD
LG