Uko wahagera

Ibiganiro vya Reta y'Uburundi n'Umuhari Palipehutu-FNL Vyasubiye gutangura


Inyuma y'ukwezi guheze ibiganiro hagati ya reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu FNL bihagaze, intumwa za Rwasa Agathon n'abaserukira reta y'Uburundi bajejwe gushira mu ngiro amasezerano y'amahoro yemejwe i Dar-Es-Salaam muri Tanzania, barasubiye gukoranira i Bujumbura.

Urutonde gw’ibizokwihwezwa rugizwe n’ibibazo bibiri: irekurwa ry'abapfungiwe ivyiyumviro vya poritiki hamwe n'abanywanyi b'umuhari Palipehutu FNL bafatiwe mu ntambara; no gushinga umurwi ujejwe kudoma urutoke kubatubahiriza amasezerano. Umuhuza niwe yafashije kugirango ivyo bikorwa bisubire kubandanya.

Mu misi iri imbere, Perezida w'Uburundi n'umukuru w'umuhari Palipehutu FNL bagiye kuzobonana, kugirango bakure mu nzira ibibazo vyose bijanye na kazoza k'uwo muhari, n'ibibanza abanywanyi bawo bazohabwa mu nzego z’igihugu.

XS
SM
MD
LG