Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abahoze ar'Abakozi b'Ihinguriro COTEBU


Mu gitondo co kw’igenekerezo rya mirongo ibiri na kabiri mu mwaka wi 2007, abakozi bahoze bakora mw'ihinguriro ry'impuzu COTEBU ubu ryugaye, bazindukiye mu myiyerekano bagwana n'abaporisi imbere y'ibiro vy'umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, basaba gutekererwa.

Abo bakozi bavuga ko bamaze amezi icenda bari mw'ibarabara, bakuwe mu kazi kubera COTEBU yugaye, ariko ngo nta n'ifaranga baronse nk'uko amategeko abitegekanya. COTEBU yari ifise abakozi bashika igihumbi n'amajana umunani, kandi bose basaba amafaranga aharurwa mu miriyaridi zibiri z'amafaranga y'Uburundi.

COTEBU ryari ihinguriro ry'impuzu rikomeye mu Burundi rishigikiwe n'igihugu c’Ubushinoi, ariko reta y’Uburundi niyo yagena abaritwara. Mu myaka ya mbere ryagiye ritera imbere, ariko mu nyuma ryagiye rirasubira inyuma kubera gutwarwa nabi n'ugusesagura amatungo ya reta nk'uko raporo nyishi zagiye zirakorwa zavyerekanye.

Iyugagwa rya COTEBU ryibutsa ayandi mashirahamwe ya reta yagiye arugara. Muriyo hakaba harimwo amashirahamwe VERRUNDI, CADEBU, CAMOFI n'amabanki menshi yugaye. Ibanki y'isi yose n'ikigega mpuzamakungu FMI biramaze kwerekana ko reta ikora nabi mu vyerekeye intwaro no gutunganya amashirahamwe, na cane cane amashirahamwe akora ivy’ubudandaji. Ni naco gituma reta isabwa guhagarika iyo nyifato.

XS
SM
MD
LG