Uko wahagera

Igihugu ca Lybia Ciyemeje Gufasha Uburundi


Kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2007, intumwa za reta ya Lybia n'abaserukira Uburundi batanguye ibiganiro vyerekeye gutsimbataza imigenderanire no gufashanya.

Ivyo biganiro vy’imisi ibiri, vyashimikiye ku bisata igihugu ca Lybia gishobora gufashamwo Uburundi. Mur’ivyo bisata harimwo ukwivuna abansi n'umutekano; uburimyi n'ubworozi; ibikorwa vya reta; amasoko ntanganguvu n'ingenzi; gutwara abantu n'ibintu; indero; ubudandaji; imibano; ubutuzi; no kwitaho amagara y'abantu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, Antoinette Batumubwira, arashima uwo mutima w'abarongoye igihugu ca Lybia. Mw'ijambo umushikiranganji Batumubwira yashikirije, yavuze kw'abanya Lybia bamaze kwerekana ko bakunda koko bene wabo bo muri Afrika. Akarorero ngo n’uburyo bafashije mu kugwanya ubukoroni no gushinga ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Igihugu ca Lybia cari kimaze gufasha Uburundi mu bisata binyuranye, harimwo kwitaho amagara y'abantu, aho mu mwaka w'i 2001 carungitse abaganga n'imiti. Ahandi ni mu gisata co kwivuna abansi, no mu migambi yo kwubaka amabarabara, amashure, n'ibindi.

Ivyo biganiro hagati ya reta y'Uburundi n'igihugu ca Lybia biriko bibera i Bujumbura, bibaye imbere y'indwi imwe kugira ngo abafasha Uburundi bahurire i Bujumbura, kugira ngo bagaragaze ishaka ryabo ryo gufasha kuzamura ubutunzi bw'igihugu mu gutanga amafaranga yemewe. Uburundi bwipfuza kuronka umuriyaridi n'imiriyoni amajana atatu y'amadorari y'abanyamerika.

XS
SM
MD
LG