Uko wahagera

Igikorwa c'Umurwi Ujejwe Gutohoza Ukuri n'Ukurekuriranira


Igikorwa c’Umurwi Ujejwe Ukuri n’Ukurekuriranira Abarundi nti bavuga rumwe ku vyerekeye umurwi ujejwe ukuri hamwe n’ugusubiza hamwe kw’abarundi.

Hari abavuga kw’igikorwa c’uwo murwi gisa n’icatanguye, kuko Presida Pierre Nkurunziza yatanguye kugendera abanyagihugu, abumvisha akamaro ko gusubiza hamwe, hamwe no kubana mu mahoro. Abo rero bavuga bati uwo murwi ntukenewe kuko ico gikorwa catanguye.

Hari n’abandi bavuga kw’uwo murwi ukwiye kwitonderwa, kuko abantu benshi batanguye kuvuga ko ar’abashingantahe bakwiye guhanuzwa ijambo, kandi ngo ibara ryaraguye akatari gake mu Burundi, abo bantu nyene bavuga kw’arabashingantahe ariho bari, ariko bakaba batigeze bagira ico bashikiriza.

Ku bandi nabo, ngo uwo murwi urakenewe, kugira ngo abarundi bashobore kurekuriranira. Yamara ngo igihe nti kiragera, kuko hari umurwi wahora urwanya ubutegetsi utarashobora kwinjira no kwemeza inzira y’amahoro mu Burundi. Bavuga rero ko mu gihe uwo murwi wogenwa umuhari FNL-Palipehutu utarinjira muri reta, vyoha icitwazo uyo muhari, co guhakana ingingo zizofatwa n’uwo murwi.

Ikindi ciyumviro cerekeye uwo murwi cashikirijwe, kivuga kw’uwo murwi ukwiye kujamwo abarundi bizigiwe, bamaze kwerekana ko ar’abashingantahe babushitse, kugira ngo abantu bashobore kwemera ivyaha bakoze. Bavuga ko ubwo aribwo buryo bwonyene bwotuma abantu babona ko batazotsindwa hasi mu gihe bokwemenga ivyaha bakoze.

XS
SM
MD
LG