Uko wahagera

Hussein Radjabu Yararengukijwe n'Umushikirizamanza Mukuru wa Republika


Mu gitondo co kw’igenekerezo rya 8 Rusama 2007, uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD, Hussein Radjabu, amaze imisi cumi n'itatu mw'ibohero ryo mu mpimba, yararengutse imbere y'umushikirizamanza mukuru wa Repuburika.

Uwo musi, abaporisi benshi bari bazindukiye ku nyubakwa yitiriwe ubutungane i Bujumbura, bafise n'ibikoresho vyo kwikingira mu maso. Hussein Radjabu yahashitse gihe c'isaha zibiri zirenga iminota mirongo ine n'itanu, ahasanga abantu bamushigikiye benshi bavuga igiswahiri. Abo twashoboye kumenya batari bake baba muri zone Buyenzi, havugwa ko haba abayoboke benshi ba Hussein Radjabu.

Abashigikiye Hussein Radjabu bakimubona, baciye bakura mu mifuko udutambara twera, bavuga amajambo yo kumukeza n'ukumushigikira: "Mandela, turikumwe..." Abaporisi baciye bagerageza kubigiza inyuma, ariko nti vyoroshe, bituma bakoresha inguvu. Abantu babiri, umukenyezi n'umugabo, barahakomerekeye.

Inyuma y'amasaha hafi indwi Hussein yamaze yumvirizwa ku vyo bamwagiriza, vyerekeye ko yariko ategura umugambi wo guhungabanya umutekano w'igihugu n'uwinzego, yaciye asubizwa mu Mpimba. Igikorwa co kumwumviriza cakozwe mu mw'iherero, kure y'abamenyeshamakuru n'abandi. Ariko ngo intumbero ngo yari iyo kwemeza ipfungwa rya Hussein Radjabu, igikorwa cega umushikirizamanza mukuru wa Repuburika, mu kiringo c'imisi cumi n'ine nk'uko amategeko abitegekanya.

Umuyobozi mukuru w'ibohero rya Mpimba yari aherutse kwandira umukuru w'amabohero mu Burundi, amusaba ko Hussein Radjabu yokwimurirwa mu rindi bohero ryo mu gihugu hagati. Umukuru wa Mpimba yagiriza Hussein Radjabu ko yigisha amacakubiri.

XS
SM
MD
LG