Uko wahagera

Ibiciro Vy'Ibinyobwa Vyaradugijwe Mu Burundi


Mu kiganiro twagiraniye na Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere, yamenyesheje ko impamvu zatumye ibiciro vy’ivyo binyobwa biduzwa ar uko iyo abahingura ivyo binyobwa basumira ivyo bakoresha mu guhingura ivyo binyobwa nka vyose biva hanze. Ngo mu gihe ifranga ry’Uburundi ryataye agaciro, ibikoreshwa mu guhingura ibinyobwa vyama biduga kubera niyo biva ibiguzi vyavyo biduga. Ngo rero abahingura ivyo binyobwa bategerezwa kuduza ibiciro kugira birihe ku mafranga bakoresheje mu kugura ibikoreshwa mu guhingura ivyo binyobwa. Ngi n’ibintu bisigurika.

Yamara Zenon Nicayenzi avuga ko abaserukira abagura biyamnirije iduzwa ry’ivvyo biciro. Ngw’iyongerezwa ry’umushahara w’abakozi ba leta ku bice mirongo itatu na bine kw’ijana ni intica ntikize. Ngw’iduzwa ry’ibiciro vy’ibinyobwa vyiyongeye kw’iduzwa ry’ibiciro vy’ibitoro, amazi n’umuyagankuba riherutse kuba bizogira ingaruka mbi ku banyagihugu. Ngo mu gihe Leta yongeye umushahara ibice mirongo itatu na bine kw’ijana, ibindi vyose bigaca biduga ngo nta kamaro kaboneka bigira . Ku bwiwe ngo ubukene buguma ari bwa bundi.

XS
SM
MD
LG