Uko wahagera

Ikiganiro c'Umuryango: Alice Nzomukunda, Icegera ca Mbere c'Umukuru w'Inama Nshingamateka


Madame Alice Nzomukunda yatanze imihoho mu mabanga yarajejwe y’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, aheruka gutogwa mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Umupfasoni Nzomukunda avuga ko yanejerejwe cane n’ukubona abashingamateka bamutora, bakerekana ko bamwizeye. Madame Alice Nzomukunda avuga ko igikogwa nyamukuru co mu mabanga mashasha ajejwe ar’ ico gukurikirana neza ko amategeko yubarihirizwa cane cane ibwirizwa nshingiro, no gukurikirana neza ko imigambi reta yishinze iriko irayishira mu ngiro nkuko bitegerezwa.

Ku kibazo c’uko umukenyezi asa n’uwuriko arasubira inyuma, ugereranije n’intambwe yari amaze gushikako muri politike y’igihugu c’Uburundi, Madame Nzomukunda avuga ko gikwiye gutoregwa umuti mu maguru masha.

Madame Nzomukunda avuga ko abakenyezi bari batanguye kugenwa mu bibanza bikomeye vyo mu nzego za reta zifatigwamwo amategeko, ariko ngo iyo babivuyemwo, kenshi na kenshi basubirirwa n’abagabo.

Madame Nzomukunda avuga kw’ivyo bibabaje, kubera ko bisa n’uko ata bakenyezi bariho bafise ubumenyi n’ububasha bikwiye vyo kurangura ayo mabanga y’igihugu.

XS
SM
MD
LG