Uko wahagera

Ubwicanyi bwo mu Ntara ya Ruyigi mu Burundi


Ibiharuro vyemezwa n'abajejwe umutekano hamwe n'abajejwe intwaro mu ntara ya Ruyigi, m’ubuseruko bw'Uburundi, vyerekana ko abantu cumi n'indwi bishwe n'abantu bitwaje ibigwanisho mu ndwi zizatu zirangiye.

Ahavugwa ubwicanyi bwinshi ni muri komine Kinyinya, aho abantu icenda bamaze kwicwa. Uwanyuma aherutse kwicwa, yari umugabo w'umupfakazi, yari aherutse guhunguka ava muri Tanzania. Asize abana batandatu. Abamwishe ngo bari bitwaje ibigwanisho, bambaye n’impuzu za gisirikare.

Abanyagihugu baridogera abajejwe umutekano, bavuga ko batabacungerera ubuzima bikwiye. Amatohoza yo kurondera abicanyi ngo ntahuta arakorwa, kuko gushika ubu ata barashobora gufatwa. Mu Ruyigi no mutundi duce tw'igihugu abantu barakunda kwicwa bagirizwa uburozi, ariko ahanini ngo bishobora kuba biva ku ngorane z'amatongo nk'uko abajejwe intwaro babisigura.

XS
SM
MD
LG