Uko wahagera

Amadini mu Gikorwa co Kunywanisha Abarundi


Perezida Petero Nkurunziza yateye akamo abanyamadini ngo bahaguruke bategure abarundi gushira ahabona ukuri n'uguhariranira.

Imbere y'abanyamadini, Perezida w'Uburundi yamenyesheje ko mu misi iri imbere Abarundi bagiye gusabwa kugira ico bavuze kw'ishingwa rya wa mugwi uzoba ujejwe kumesha ukuri ku vyabaye mu Burundi n'ukurekuriranira. Inyigisho abasaba gutanga ishimikira ahanini ku kigongwe, kuko intumbero nyamukuru ariyo gusubiza hamwe abari barasubiranyemwo.

Abanyamadini ngo barazi vyinshi ku vyabaye, ngo nibo bashobora gusaba abakirisu babo gufasha, ariko ngo bakabategura cane cane mu ntumbero yo gutanga ikigongwe. Amadini yose ntavyumva kumwe, kuko nk'amadini y'abakatorika amaze kumenyesha kw'ikibanza c'ubutungane kitokwibagigwa.

Abanyeporitike nka Aloys Rubuka umukuru w'umugambwe Uprona n'abandi bo mu migambwe yitwa iy'abatutsi, bavuga kw'ivyabaye vyabaye abanyamadini benshi barorera, kandi ngo bamwe bamwe barabigizemwo uruhara. Ngo ntibizeye rero ko hari imfashanyo ikwiye bashobora gutanga. Iyo migambwe isaba kugishwa inama mur'ico gikorwa.

XS
SM
MD
LG