Uko wahagera

Imfashanyo z'Ibifungurwa Ziva muri Cote d'Ivoire


Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza, niho indege ivuye mu gihugu ca Cote d'Ivoire yashika ku kibuga c'indege ca Bujumbura izanye imfungurwa zo gufasha abarundi bashonje.

Iyo mfashanyo yashitse igizwe n'umuceri, amatoni cumi n'imwe n'inusu. Imifuko yanditsweko k’uwo muceri waguriwe mu gihugu ca Tayilandi. Izindi fashanyo ngo ziri inyuma nk'uko intumwa ya Perezida Laurent Bagbo yabivuze.

Iyo mfashanyo yasambwe n'umukuru w'igihgu Petero Nkurunziza, mu rugendo aherutsemwo muri Cote d'Ivoire. Umuvugizi wa Perezida yari ku kibuga c'indege i Bujumbura, yarashimye iyo mfashanyo ku mvo zibiri: umutima mwiza, n'uko Uburundi na Cote d'Ivoire ari ibihugu vyagize ingorane zimwe, zikaba ziriko ziratorerwa umuti ku mpande zose.

XS
SM
MD
LG