Uko wahagera

Itituka Ry' Inyigisho Mu Mashuri Yo Mu Burundi


Mu Burundi, har’ abantu batari bake barajwe ishingwa n’ ikibazo c’ inyigisho zitangwa mu mashure bavuga ko zidakwiye kandi zitameze neza. Hari n’ abavuga ko abanyeshure ubu baheza amashure ata bumenyi (niveau) bukwiye bafise ugereranije n’ abo mu bindi bihugu. Ico kibazo kiva ku mvo nyinshi zinyuranye nkuko umushikiranganji w’ indero mu Burundi umushingantahe Saidi Kibeya yabivuze mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika.

Umushikiranganji Kibeya avuga ko ico kibazo kiva cane cane ku migambi y’ inyigisho ishaje, imigambi yashizweho kuva Uburundi bwikukira. Avuga ko ibihe vyagiye birahinduka ariko ko iyo migambi itasubiwemwo nkuko vyategerezwa kugira ngo ijane n’ ibihe bishitsweko. Umushingantahe Kibeya avuga ko imyaka Uburundi bwamaze mu ngwano navyo bitafashije mu gukurikirana neza imigambi y’ inyigisho zo mu mashure.

Yamara umushjikiranganji Kibeya araha akizero abanyeshure nabo bose ico kibazo kiraje ishinga. Avuga ko reta ifise imigambi irashe yo gusanura inyigisho zo mu mashure, imigambi imwe imwe imaze gutangura gushigwa mu ngiro.

XS
SM
MD
LG