Uko wahagera

Ingingo ihebera amadeni ama Radio n'Amashirahamwe Akora Ivyo Gutumatumanako Amakuru


Perezida w’uburundi Petero Nkurunziza yarashize igikumu kw'itegeko rihebera amadeni amaradiyo ane: radiyo y'igihugu yariheranye amahera arenga imiriyoni ijana, radiyo Culture na radiyo Bonesha zari ziheranye imiriyoni zirenga mirongo ibiri na radiyo Isanganiro yari iheraniye ikigega ca reta imiriyoni zirenga ijana.

Mur'iryo tegeko, Perezida yarahebeye kandi amadeni amashirahamwe CNI na USAN akora ivyerekeye gutumatumanako amakuru hakoreshejwe vya vyuma bita ordinateri kuri internet. Iryo tegeko riri mu ntumbero y'umukuru w'igihugu, yo guteza imbere iterambere rijanye no gutumatumanako amakuru.

Kuva mu ntango z'uyu mwaka, amaterefone ngendanwa yinjira mu Burundi ata gisabwe. Izo ngingo kandi ngo zijanye n'ibihe Uburundi bugezemwo, aho buriko bwitegurira kwinjira muri rya shirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afirika yo m’ubuseruko.

XS
SM
MD
LG