Uko wahagera

Reta y'Uburundi Iragabisha Umuhari Palipehutu FNL


Inyuma y'indwi irenga reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu FNL bahagaritse ibikorwa vyo gushira mu ngiro amasezerano yemejwe i Dar-es-Salaam muri Tanzania, umuhuza yaraye arungitse intumwa i Bujumbura.

Kingslay Mamaloba yarabonanye n'umukuru w'igihugu, bavugana ku vyerekeye ibisabwa n'umuhari Palipehutu FNL. Uwo muhari nawo usaba kuronswa ibibanza mu nzego za poritiki no mu bindi bisata. Ikindi usaba, n’ukumenya kazoza k'umuhari, n’ukuvuga kworoherezwa kugirango ube umugambwe, n'ukumenya ibibanza bazohabwa mu nzego z'umutekano n'igiporisi.

Inyuma y'umubonano Kingslay Mamaloba yagiranye na Perezida Petero Nkurunziza, basa n'abavuze rumwe. Peresida Petero Nkurunziza avuga kw'ivyo umuhari Palipehutu FNL usaba bitari mu masezerano, kandi ngo ikitavuzwe coco n’ugukora ku nzego zatowe n'abanyagihugu, eka mbere ngo n'ibwirizwa shingiro rirabibuza.

Ico umukuru w'igihugu yemereye umuhari wa Rwasa Agathon, n’ibibanza vyo mu bindi bisata vy’ubuzi. Kuja mu gisada no mu giporisi ngo n’ibisanzwe bizwi ingene bigenda kw’isi yose. Kingslay Mamaloba, intumwa y'umuhuza nawe nyene asaba umuhari Palipehutu FNL gushira mu ngiro amasezerano uko yemejwe. Bitabaye uko, ngo "ukwihangana kurafise aho kugera."

Uwundi asa n'uwugabisha umuhari Palipehutu FNL n’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano. Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye avuga ko amakungu, akarere na reta y'Uburundi, bashobora guhagurukira umuhari wa Rwasa Agathon hamwe wosubira kwiyumvira gutera intambara.

Intumwa z'umuhari Palipehutu FNL zigiye kumara hafi amezi atatu i Bujumbura. Intumbero yar’iyo gushira mu ngiro amasezerano, ariko mur'ayo mezi atatu, indwi zoba zarabaye iz'ibikorwa nyakuri, nti zarenze zitatu. Mw'ihoteli Source du Nil aho bashikiye, babandanya bagira amanama bonyene. Hamwe ibikorwa vyohagarara gose, nk'uko vyibonekeza, ngo bazoca bisubirira inyuma.

Ababona ibintu n'ibindi bavuga kw'intambara ishobora gusubira kwaduka mu Burundi.

XS
SM
MD
LG