Uko wahagera

Abayoboye Amashirahamwe y'Abakozi Basaba Kudugirizwa Umushahara


Umukuru w'igihugu c'Uburundi amaze amezi makenya ashitse ku butegetsi yafashe ingingo yo guha agashahara kisununuye cane abasirikare,abaporisi n'abacamanza ugereranije n'imishahara y'abandi bakozi. Imyidogo ku bandi bakozi ni myinshi.

Kur'uwu wa mbere itariki zibiri ntwarante, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu muganga Maritino Nduwimana arabonanye n'abarongoye amashirahamwe y'abakozibita"Amasendika".

Abanyamasendika basavye iduzwa ry'imishahara ku bakozi bose,amafaranga y'uburaro n'ukwiyunguruza. Vyaribonekeje ko reta n'abaserukira abakozi batavuga rumwe. Abanyamasendika barerekanye k'umukozi w'Umurundi ahembwa intica ntikize,atawuzi ingene abayeho.Akarorero, umuyobozi mukuru mukazi ka reta ngw'ahebwa amafaranga ibihumbi mirongo umunani. Ico abanyamasendika basaba n'uko abakozi boronswa imishahara nk'iyo Perezida Petero Nkurunziza yashinze mu gisoda, mu giporisi no mu bucamanza aho abakozi batacidoga nka mbere.Ngo nta mwana n'ikinono.

Ku bwa reta kuduza imishara ngo ni ibintu bitoroshe kuko abafasha Uburundi bakomeye nk'Ikigega c'isi yose FMI n'Ibanki y'isi yose bagabishije reta ngo ntihirahire ngwibandanye kuduza imishahara itabona iyo amafaranga azova.Reta iciye iruhande y'izo mpanuro ng'Uburundi bwoca bumva ku rutonde rw'ibihugu bizoheberwa amadeni; ayo nayo akaba aharugwa mu miriyaridi igihumbi n'amajana atanu y'amafaranga y'amarundi.

Abaserukira abakozi basavye kw'abanyonora amatungo ya reta bohanwa vy'akarorero hanyuma bakagishwa inama mu bikorwa vyo gushira mu minwe y'abikorera ivyabo ashirahamwe ya reta.Ibiganiro bisa n'uko bitarivyoroshe, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu yasavye abakozi kwihangana, mu myaka izoza ijuru rigenze neza nga bazokwibukwa.

Mu Burundi imishahara iri hasi cane ivyo navyo ngo biri mu bintu bituma ahanini ibiturire n'ubusuma bw'amatungo ya reta vyimonogoza. Ukubonana n'abaserukira abakozi imbere y'intango y'ukwezi kwa gatanu biri mu ntumbero yo ku basaba ngo ntihazogire ico basaba ku musi mukuru w'abakozi wimirije.

XS
SM
MD
LG