Uko wahagera

Ubusuma bw'Abahoze mu Gisirikare no mu Migwi Igwana mu Burundi


Mu Burundi, abahoze mu gisirikare no mu migwi yagwana barabangamiye umutekano n'amatungo y'abantu. Ariko nabo nyene baricwa.

Mu misi iheze harishwe abasuma batandatu, mu kiringo c’amasaha mirongo ine n'umunani. Abasuma batanu bishwe n'abaporisi, bariko biba mw'ishirahamwe "EXIM" ry'umugwizatunga Turimuci Prosper, rihingura za matera. Abo basuma bose basanze ar’abahoze mu gisoda c'Uburundi, bakaba baheruka gusubizwa mu buzima busanzwe.

Umwe mur’abo basuma yarafashwe, ubu ari mu minwe y'abajejwe itohoza. Umwe mu bapfuye yari agikora, mbere akaba yari mu bacungera ubuzima bw'umushikiranganji w'ubutungane. Umushikiranganji Clotilde Niragira ashitse kuraba ivyabaye, yavuze ko atangaye cane kuko uwo muporisi yahora agendana bibiliya, yigisha bagenziwe ijambo ry'Imana.

Inkuru zivuga ko hari imigwi myinshi ifise imigambi yo kubeshwaho n'ubusuma, mbere kenshi n'ukwica bakica, iyo bataronse ico barondera.

Ikindi gisuma ciciwe i Gitega, kigiye kwiba k’urugo rw'umukoroneri. Abandi basuma bari kumwe batunzwe n'ayo bameze. Uwo yishwe yari amaze indwi zitarenga zitatu arekuwe mw'ibohero rya Mpimba, inyuma y'ingingo y'umukuru w'igihugu yarekuje abanyororo bamwe bamwe. Yari yaciriwe umunyororo w'imyaka ibiri, yagirizwa ubusuma bukorwa hakoreshejwe ibigwanisho.

Aho i Gitega, amazu menshi, ubunywero, n'ibigo vy'abihebeye Imana, cane cane ababikira, biramaze kwibwa. Kenshi ayo mabi akorwa n'abahoze mu gisoda canke mu mirwi yagwana, canke mbere bagakorana bose.

Abantu bamaze kwibwa bavuga kw'ikibabaje ari uko iyo abasuma bafashwe, barapfungwa ariko haheze imisi mugahura bidegemvya, bagatwenga uwibwe, rimwe na rimwe mbere bakamugirako iterabwoba. Mu Burundi bavuga ko mu misi iri imbere bigiye gushika ko uwibwe azoba ariwe yiruka. Abantu bagiriza kandi abaporisi bamwe bamwe ko bakorana n'abasuma. Mu giporisi bavuga ko bishobora gushika, ariko ngo nta wovuga ko ari abaporisi bose.

Gukura ibigwanisho mu banyagihugu ngo niyo nyishu ikenewe, ariko ni igikorwa reta itarashobora kurangura neza. Mu misi yahera, ubusuma bw'amapikipiki bwari bwimonogoje, gushika aho abantu bafashe ingingo yo kwihanira, mu guturira izuba riva abasuma bafashwe.

XS
SM
MD
LG