Uko wahagera

Abakenyezi Indwi Bararonse Agashimwe ka Vital Voices


Ishirahamwe ryigenga ryitwa Vital Voices, riherutse guha udushimwe abakenyezi indwi mu birori vyabereye i Washington. Abo bakenyezi indwi baronse utwo dushimwe mu ndwi iheze kubera utwigoro twabo mu gutez’ imbere demokrasi n’ agateka k’ abakenyezi mu bihugu vyabo. Abo bakenyezi bava mu bihugu vy’ Ubushinwa, Guatemala, Ubuhindi na Sudani.
Ishirahamwe mpuzamakungu ribungabunga ibibondo UNICEF naryo ryarashize kuri internet site web iha urwaruka, rwo mu bihugu bitandukanye rufise imico itandukanye, akaryo ko guhanahana ivyiyumviro. Iyo Site web n’ iyo gushira hamwe abakiri bato bo mu bihugu bitandukaye kugira barabire hamwe, bashikirize ivyiyumviro vyabo bongere bagire ico bakoze ku bibazo biri kw’ isi.

XS
SM
MD
LG