Uko wahagera

Ishuri Kaminuza ryo muri Californie Ryambitse Ikidari Peresida Petero Nkurunziza


Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 20 Ntwarante umwaka wi 2007, umunyamerika Cylde Rivers Junior yarambitse ikidari c'agateka n'icubahiro Perezida w'Uburundi Petero Nkurunziza. Ico kidari Catanzwe n'ishuri kaminuza yo mu ntara ya Californie muri Reta Zunzubumwe za Amerika kimuha ipete y'ubudogiteri mu kurondera amahoro.

Iyo diporomi twokwita kandi ikidari, ntijanye n'ivyo abantu bize mu mashuri canke ubumenyi. N’urupauro ruhabwa abantu bitangiye amahoro kandi bakunda Imana, bavyerekanye mu majambo no muvyo bakora. Ipete yahawe Peresida Nkurunziza bayita "Doctor Honoris Causa". Ishuri Kaminuza ryo muri Californie ryigisha ivy'Imana, rimaze guha ico kidari abantu ibihumbi mirongo ibiri na bitanu kw'isi yose.

Perezida w'Uburundi Petero Nkurunziza avuga kw'ico kidari yambitswe ari agateka ku Barundi bose, akaboneraho n’akaryo ko gushimira amakungu yafashije kugira amahoro agaruke mu Burundi. Peresida Nkurunziza avuga kw’intambara ishobora guhagarara, ariko ngo si ukuvuga kw'amahoro aca asasagara. Petero Nkurunziza avuga ko mur’iki gihe abarundi bakibangamiwe n'ingorane nyinshi, cane cane ubukene mu bisata vy'indero n'ubuvuzi, tutibagiye ubukene bw'ibifungurwa. Perezida w'Uburundi asaba amakungu gushigikira Uburundi, na cane cane mu migambi y'indero, ubuvuzi, uburimyi, n'iterambere.

Peresida Petero Nkurunziza yahawe ikidari c'abakoreye amahoro kuruta abandi, yahoze arongoye umwe mu mihari yagwanye na reta y'Uburundi mu kiringo c'imyaka irenga cumi. Mur’iyo ntambara abantu benshi barishwe, ibintu birononekara. Inyuma y'amatora yamushikanye ku butegetsi, Peresida Petero Nkurunziza nta hengeshanya kuvuga Imana mu majambo yiwe, nayo amasengero amaze gucamwo nta woyavuga ngo ayaheze. Aho hose agenda arasaba ikigongwe, yigisha urukundo, ukurekuriranira n'ukwicisha bugufi.

XS
SM
MD
LG