Uko wahagera

Umukuru w'Inama Nshingamateka mu Burundi Yarabogojwe


Kuva ku musi wa gatanu, igenekerezo rya cumi na kane ukwezi kwa gatatu, isaha cumi zo ku mugoraba, Inama nshingamateka y’Uburundi irongowe n'umushingamateka mushasha Piyo Ntavyohanyuma yatowe mu ntara ya Kayanza.

Ibogozwa ry’umupfasoni Immaculee Nahayo ryabaye mu kajagari katagira uko kavugwa. Mu gihe uwo mupfasoni yari m’urugendo rw'akazi mu gihugu ca Guinee, Inama nshingamateka yarakoranye, imara imisi ibiri mu mpari zo gukura umukuru w'Inama nshingamateka. Immaculee Nahayo yagirizwa ahanini guhonyanga amategeko agenga Inama nshingamateka, no kuba intambamyi mw'irangurwa ry'ibikorwa vya misi yose vy’urwo rwego, bibera mu makoraniro yo mu Kigobe.

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 16, abashingamateka 87 bari mu nama, barahaririye amasaha n'amasaha ku kibazo co gukura umupfasoni Immaculee Nahayo, gushika n’aho umushingamateka Hussein Radjabu n'abashingamateka mirongo ibiri bamushigikiye basohoka ishavu riniga, bakubita agatoke.

Ibikorwa nyakuri vyo gukura Immaculee Nahayo vyatanguye ashitse ku kibuga c'indege ca Bujumbura, avuye i Malabo mu gihugu ca Guinee. Aho kwishura ku bibazo
vy'abamenyeshamakuru bari bamurindiriye, yaciye yinjira mu muduga, agenda ariruka n'imizigo yiwe mu Nama nshingamateka, aho yaciye ahagarika n'ishavu ryinshi icegera ciwe cariko kirongora inama. Immaculee Nahayo yaciye arongora ibikorwa vy’iyo nama, mu nyuma arabihagarika, ariko abashingamateka baguma biyicariye aho gusohoka. Mu nyuma Immaculee Nahayo yaciye agaruka, batangura amatora.

Piyo Ntavyohanyuma, umukuru mushasha w'Inama nshingamateka yatowe n'abashingamateka 85 kuri 87 basigaye mu bikorwa. Immaculee Nahayo yatoye avuga ko ataco abivuzeko, ariko nti yatoye umushingamateka Piyo Ntavyohanyuma. Hussein Radjabu hamwe n'abashingamateka bamushigikiye, hamwe na Immaculee Nahayo akombowe mu mabanga, bavuga kw'ivyo bikorwa vy’inama nshingamateka bitisunze amategeko, kandi kw'akageso ko guhonyanga amategeko kariko karimonogoza mu Burundi. Immaculee Nahayo avuga ko agiye kwitura ubutungane, mu gihe hari abandi bavuga ko demokarasi iriko iratsimbatara mu Burundi.

Imigambwe URONA, FRODEBU na CNDD isanzwe nayo nyene iri mu Nama nshingamateka yarashigikiye abashingamateka bo m’umugambwe CNDD-FDD, bipfuza k’umupfasoni Nahayo akomborwa. Baremera ko bashigikiye ivyo umugambwe uri k’ubutegetsi wipfuza, kuko nawo nyene hariho ivyo wabemereye ariko nti babivuga. Muri poritiki nta bindi atari ibibanza muri reta no mu zindi nzego.

Bagenzi bacu bo mu kinyamakuru Arc en Ciel bandika bavuga ko Piyo Ntavyohanyuma agiye gutwara Inama nshingamteka y’Uburundi atazi kwandika, canke gusoma igifaransa. Mu bikorwa vyose vyagiye birakorwa ngo nta kajambo yashikiriza, kuko ngo yaguma yisinziririye canke yayura.

Twobibutsa ko Immaculee Nahayo asubiriye nawe nyene yatowe mu Kayanza, akaba avugwa mur’iki gihe ko ari mu bashigikiye Hussein Radjabu, akaba atemera ivyavuye mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe CNDD-FDD ryabereye i Ngozi kw’igenekerezo ry’indwi, ukwezi kwa kabiri, umwaka wi 2007.

XS
SM
MD
LG