Uko wahagera

Abanyamulenge Bimuriwe muri Leta Zunzubumwe za Amerika


Kw’igenekerezo rya 18 ukwezi kwa gatatu, umwaka wi 2007, niho abanye Congo b’Abanyamulenge mirongo itatu na batanu bari mu bacitse kw'icumu mu bwicanyi bwabereye mu Gatumba mu Burundi mu mwaka wi 2002, burira indege i Bujumbura bimuriwe muri Reta Zunzubumwe za Amerika. Mu misi iri imbere bazobakurikirwa n’abandi amajana atanu.

Abo banye Congo bimuwe, bagiye kuba ubuzima bwabo bwose mu ntara za Colorado, Kentucky na Texas, muri Reta Zunzubumwe za Amerika. Imbere yo gufata urugendo, bamaze imisi baronswa inyigisho zijanye n'ururimi rw'icongereza, n'ubuzima bwo muri Reta Zunzubumwe za Amerika, igihugu cemeye kubaha ubuhungiro.

Iciyumviro cavuye ku banye Congo baba mu mahanga, babisavye Reta Zunzubumwe za Amerika, babifashijwemwo n'ishirahamwe ryitaho impunzi HCR. Bamaze gushika mu gihugu kigiye kubaha indaro, bazokwakirwa n'amashirahamwe y'abagiraneza, imbere y'uko umwe wese ahabwa uburaro. Bazoronswa kandi n’inyigisho zijanye n'imyuga, bongere bahabwe akazi.

Uwurongoye HCR mu Burundi, Kaba-Guichard Nega, avuga ko ukugenda kw'abo Banyamulenge guhumuriza, kukazofasha kandi gutorera umuti ingorane bari bafise zo kubaho, na cane cane ku bakomeretse bari bakeneye ubuhinga bukomeye bwo kwivuza.

Icatumye barungikwa muri Reta Zunzubumwe za Amerika, ngo n'uko kubandanya kuba mu Burundi, canke gusubira muri Congo bitari bigishoboka. Kuba mu makambi y'impunzi mu Burundi ngo nti vyari vyoroshe, kur'abo bantu bababaye cane ku mutima no mu bwenge. Aho bari hose ngo baguma babona ko bagiye guterwa. Muri Congo naho, ngo nti bipfuza gusubirayo, ngo kuko abo bahunze ariho bakiri.

Abo Banyamulenge sibo bonyene barungitswe muri Reta Zunzubumwe za Amerika. Bazokurikirwa n'abandi bacitse kw'icumu mu bwicanyi bwo mu Gatumba ku birometero cumi na bitanu uvuye i Bujumbura, hafi y'urubibe Uburundi buhana na Congo.

Abateye bitwaje ibigwanisho, bishe abantu ijana na mirongo itanu na batandatu, bagwiriyemwo abakenyezi n'abana. Gushika ubu amatohozwa nta kintu kinini arashikako, kandi n'ugukorwa nta wuzi ko yoba ariko arakorwa, n'aho HCR n'abacitse kw'icumu baguma basaba ko abakoze ako kabi bomenyekana bagahanwa.

Abo banye Congo bari bahunze intambara zikaze zariko zibera mur'ico gihe m’ubumanuko bw'intara ya Kivu muri Congo. Impunzi zakiriwe n’Uburundi zari nyinshi cane, ariko izisigaye mu Burundi zizwi ni ibihumbi cumi gusa. Ziba mu makambi abiri, imwe i Gasorwe mu ntara ya Muyinga, iyindi i Mwaro ahitwa Gihinga. Ariko kandi mu Burundi hariho n’izindi mpunzi z'abanye Congo zitazwi igitigiri, izo nazo zikaba mu Rumonge, i Bujumbura, mu Cibitoki, n'ahandi.

Twobibutsa ko Reta Zunzubumwe za Amerika ziriko zitegurira kandi kwakira impunzi z'abarundi ibihumbi cumi, ziba mu gihugu ca Tanzania. Benshi muribo bahunze mu mwaka wi 1972, ubu bakaba batacibuka iyo bavuye. Abandi nabo bavukiye muri Tanzania, hanyuma abavyeyi babo bapfa batarabereka mu Burundi.

XS
SM
MD
LG