Uko wahagera

Uruzuba n'Inkurikizi Zarwo mu Karere ka Afrika


Mu gihe Australia arico gihugu kirimwo ubugaragwa kurusha ibindi bihugu vyo kw'isi, intara ya Afrika niyo igeramigwa kurusha igihe uruzuba rwiyadukije.

Henry Josserand, umutegetsi w'ibiro mpuzamakungu bijejwe gukwirikirana inkurikizi zitewe n'ihindagurika ry'ibihe mw'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungugwa n'uburumyi, F-A-O, avugako intara ya Afrika imenyereye inkurikizi z'uruzuba. Avugako akarere ka Sahel kamaze igihe karangwa n'ubugaragwa. Ako karere gahera mu bihugu vyo muri Afrika no mu burengero harimwo Senegal na Mauritania kagashika mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko.

Muri iki gihe inkurikizi zikomeye z'uruzuba zirageramiye ubuseruko bw'igihugu ca Kenya, ubumanuko bushira ubuseruko bwa Ethiopia, ubumanuko bwa Somalia n'ibice vy'ibihugu vya Tanzania na Djibouti. Ivyo bikaba vyatewe n'ikiringo kitari gito caranzwe n'ukubura imvura.

Ishami ry'ishirahamwe O-N-U rijejwe ibifungugwa, P-A-M, ritangaza ko abantu bagera ku milioni zitanu n'ibihumbi amajana ane mu karere ko mu buseruko bwa Afrika hafi y'ikiyaga gitukura muri iki gihe bafise ikibazo gikomeye c'ibifungugwa.

XS
SM
MD
LG