Uko wahagera

Ikibazo c'Inzara mu Burundi Kirabandanya


Mu Burundi, abantu ijana na mirongo itatu na batanu ngo baramaze kwicwa n'inzara, mw'ikomine imwe yo m’uburaruko bw'igihugu.

Muri raporo yo mu mpera z'ukwezi kwa kabiri, abajejwe intwaro ya komine Buhinyuza, imwe mu makomine agize intara ya Muyinga m’uburaruko bw'Uburundi, bavuze kw'abantu ijana na mirongo itatu na batanu bamaze guhitanwa na kigoyi. Abarenga ibihumbi mirongo itatu na bitatu nabo, ngo bari mu nzira yo kwitaba Imana, kubera ico kiza. Ba serugo baharugwa mu majana umunani na mirongo icenda na batanu nabo, ngo barataye ingo zabo, batinya ko ababo bobapfira mu maso. Abo bantu bose bahungira mu ntara zindi z’Uburundi, canke muri Tanzania.

Mu makomine ya Gasorwe na Gashoho naho abanyagihugu ngo barabangamiwe n’ubusuma mu mazu no mu mirima. Imfashanyo nazo ngo nti ziboneka, uretse idini ry'aba Anglikani rimaze gutanga ibiharage n'ifu y'ibigori, mu miryango igihumbi yo ku misozi ya Kiryama, Kinazi, Murama na Mivuba. Nta wundi mugira neza aragarukira ako karere.

Mu Burundi bitegekanijwe ko hatangwa imfashanyo z'ibifungurwa ku bantu babangamiwe n'inzara mu ntara zose z’igihugu, gushika mu kwezi kwa gatanatu. Ariko imfashanyo zikenewe ni nyishi, ku buryo Uburundi buhanze amaso abagiraneza.

XS
SM
MD
LG