Uko wahagera

Abanyepolitike Bari Barahunze Uburundi Bariko Baratahuka


Abantu bahunze bavuga ko bagiye kubera agahotoro n'umukazo wa Hussein Radjabu. Alice Nzomukunda yahoze ari icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, yatahutsemu Burundi kw’igenekerezo rya 4 ry’ukwezi kwa gatatu, inyuma y'amezi atandatu yari amaze mu gihugu c'Ububirigi aho yari yarahungiye.

Ku kibuga c'indege ca Bujumbura, yakiriwe n’abantu isinzi. Imbere y'abamenyeshamakuru Alice Nzomukunda yamenyesheje ko atahutse kubera ko uwatumye ahunga, Hussein Radjabu atanguvu agifise, inyuma y'aho akuwe mu mabanga yo kurongora umugambwe CNDD FDD.

Uwahoze ari icegera ca kabiri c'Umukuru w'igihugu, yamenyesheje ko agarutse kubandanya poritike. Alice Nzomukunda avuga ko kugirango Uburundi busubire kwizigigwa n'abasanzwe babufasha, birakenewe ko mu bibanza no m'ubuzi butandukanye, hogenwa abantu babikwiye kandi b'incabwenge. Ku barongoye Inama nshingamateka bavuga ko Alice Nzomukunda ata kibanza agifise mur'urwo rwego, yishura avuga ko ari ukudatahura ingene Inama nshingamateka itunganijwe.
Igihe Abashingamateka batorwa ngo nta n'umwe yiyamamaje kw'izina ryiwe, canke ku gatwe kiwe. Bose bari ku rutonde rw'umugambwe nawe nyene akaba yari kur'urwo rutonde. Kandi ngo igihe batora umukuru w'igihugu yatoye mu bandi bashingamateka. Ngo abanyagihugu batoye urutonde nti batoye umuntu.

Twobamenyesha ko Alice Nzomukunda yitojeje mu gisagara ca Bujumbura aho yavukiye. Ku rutonde imbere yiwe, haza Hussein Radjabu yavukiye i Muyinga, na Mathias Basabose yavukiye i Mwaro. Mu gisagara ca Bujumbura umugambwe CNDD FDD waronse abashingamateka babiri gusa. Mu nyuma y'ibiharuro vyo kwuzuza mu nama nshingamateka (cooptation), niho Alice Nzomukunda yinjira mur'urwo rwego. Abantu bamwe bamwe bavuga ko baje kumusita aho yavukiye.

Alice Nzomukunda yatanze imihoho mu kibanza c'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, asigura ko yabitumwe n'ingeso "mbi" z'umukuru w'umugambwe CNDD-FDD w'ico gihe, Hussein Radjabu. Avuga ko Radjabu yemera umukuru w'igihugu n'abandi bategetsi bose, ariko ko arangwa "n'ububeshi, ukwishima, ukugayana, n'uguteranya". Alice Nzomukunda avuga kw’igihe yatanga imihoho yari afise ubwoba ko ashobora gutakaza ubuzima bwiwe, ari naco gituma yaciye ahunga, agasiga asavye abarundi ngo bashigikire umukuru w'igihugu. Abo basangiye umugambwe nabo yabasavye kwikurako Hussein Radjabu.

Twobamenyesha kandi ko Mathias Basabose yahoze ari umushingamateka nawe nyene yahunze avuga ko yagiye kubera Hussein Radjabu yashobora kubangamira ubuzima bwiwe nawe nyene yatahutse kw’igenekerezo rya 2 ry’ukwezi kwa gatatu. Yakiriwe n'abantu isinzi, aca amenyesha ko agarutse gukora poritiki, kubera ko Hussein Radjabu "ata nguvu agifise, kandi ata terabwoba yoba akimugirako".

Mathias Basabose atahutse mu gihe umukuru w'Inama nshingamateka yamaze kumukura ku rutonde rw'abashingamateka be n'umushingamateka Leonard Nyangoma, kubera bagirizwa ibisibo vyinshi mu bikorwa vy'abashingamateka. Basabose avuga ko azokwitura ubutungane. Poritike nayo ngo agiye kuyikora yivuye inyuma, kandi ngo arafise ibintu vyinshi azovuga ku vyerekeye ibiturire n'inyuruzwa ry'amatungo ya reta, vyakozwe na Hussein Radjabu.

XS
SM
MD
LG