Uko wahagera

Abashikirangaji 2 mu Bari Bashigikiye Hussein Radjabu Bakuwe muri Reta.


Inyuma y'icegera ca kabiri, Marina Barampama, abashikiranganji babiri, Kalenga Ramadhani yahoze ajejwe kumenyesha amakuru na Jean Bigirimana yahora ajejwe imigambi yareta bafuswe mu mabanga yabo.

Uwahora ari umuvugizi wa Perezida, Nkurunziza Hafsa Mossi, ni we yasubiriye Kalenga Ramadhani bose bakaba bahoze ari abamenyeshamakuru.

Abo bashikiranganji babiri icabakuye ntigitomowe neza mw'itegeko ry'umukuru w'igihugu nk'uko yaramaze imisi abigira. Ikizwi ni uko bashigikiye Hussein Radjabu yipfuza kuguma atwara umugambwe CNDD FDD mu gihe Perezida Nkurunziza yari mu bategura umugambi wo kumwirukana. Ikindi ni uko abo bashikiranganji
batitavye rya koraniro kaminuza ryirukana Hussein Radjabu.

Kalenga Ramadhani avuga kw'ibibakuye ari ivya poritiki gusumba amakosa. Kalenga arongera akerekana kw'abariye ibiturire badugije amazu batakozweko mu gihe wewe abandanya aba mu mazu y’abandi . Ikindi yibaza ni kuki bakuwe ari babiri kandi abashigikiye Hussein Radjabu bari benshi.

Mu bashikiranganji bashigikiye Hussein Radjabu hasigaye muri reta Denise Sinankwa w’ikigega ca reta, Saidi Kibeya w’indero na Potame Nizigiye ajejwe ibikorwa vya reta.

XS
SM
MD
LG