Uko wahagera

Mu Burundi Abana Babangamiwe Cane Barenga Ibihumbi 650.


Igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu giharanira agateka ka zina muntu mu Burundi n'ibiro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BINUB) bisaba w'amategeko yosubirwamwo ku bijanye n'amategeko akingira abana.

Ibiharuro vyashizwe ahabona kur'uwu wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2007 vyerekakana kw'abana bamerewe nabi bangana ibihumbi amajana atandatu na mirongo itanu. Bakwiragiye mu gihugu cose, ariko benshi ngo bari mu gisagara ca Bujumbura.

Abana ngo barabangamiwe cane n'intambara, ikiza sida n'ubukene burengeje urugero. Abana barakoreshejwe mu ntambara bataye amashure, abandi barakoreshwa akazi karengeye imyaka yabo mu miryango yitwa ko yifashe.

Mu mabohero havugwa abana bapfunzwe kubera udukosa duto duto kandi batarakwiza imyaka yo gupfungwa. Aho nyene mu mabohero haravugwa abana bavukira yo canke bakajanwa yo kubera amakosa y'abavyeyi babo. Abo ngo babayeho nabi cane kuko bataba bakironka amaberebere akwiye, ibifungurwa, impuzu n'aho baryama hatavuzwe.

Kubera kandi intambara n'ikiza ca sida impfuvyi zagiye ziyongera, benshi muri bo ngo ni bo basigarana umuryango.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu arashima ingingo y'umukuru w'igihugu yo kuvuza abana bari musi y'imyaka itanu n'impfuvyi, ariko ngw'ibikenewe ni vyinshi, na cane cane mu vyerekeye amategeko.

Reta y'i Bujumbura ngw'irakeneye kandi uburyo bwo gufasha kugwiza amavuriro, amashure n'imigambi yerekeye urwaruka.

XS
SM
MD
LG