Uko wahagera

Intwazangabo z'Igiporisi co mu Burundi Ziteguriye Kuja mu Gihugu ca Cote D'Ivoire.


Mu ndwi imwe Abaporisi b'amapete yo hejuru cumi n'umunani bo mu Burundi bazorungikwa mu gihugu ca Cote d'Ivoire gufasha guhagararira umutekano.

Abo baporisi bagiye kw'izina ry'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika. Abaporisi b'Abarundi bari bamaze kurungikwa muri Soudani gufasha kugarukana amahoro.

Abarongoye igiporisi mu Burundi barashimishwa n'ukubona ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ryizera Abarundi mu kubashira mu bikorwa nk'ivyo.

Inyuma y'intambara yamaze imyaka iringa cumi igiporisi n’igisoda vyo mu Burundi vyarasubiwemwo, bikaba bihurikiyemwo abaje bava mu mirwi yarwanya reta n'abarwanira reta.

XS
SM
MD
LG