Uko wahagera

Igisoda c'Uburundi Catanze Abanyororo 6 b'Umuhari PALIPEHUTU-FNL


Ku musi w'Imana igenekerezo rya 11 Ruhuhuma Umushikiranganji w'igisoda C'Uburundi, Germain Niyoyakana, yarashikirije i Bujumbura abanyororo batandatu intumwa z'umuhari Palipehutu-FNL.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wo muri Afrika y'Epfo, Charles Ngouakula, akaba n'umuhuza mu biganiro hagati ya reta y'i Bujumbura n'umuhari Palipehutu FNL, ni we yarahagarariye ivyo birori.Ku rutonde rw'abategerezwa kurekurwa rwari rufiswe n'intumwa z'umuhari Palipehutu FNL harabuze abanyororo batatu.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi avuga ati ni bashime ivyo abo bandi bashobora kuba barapfiriye ku rugamba, "na twebwe uwo basaba abacu bapfiriye ku kibuga c'intambara ntibobaronka". Abo batanzwe bari bamaze amezi menshi bapfungiwe mu biro bikuru vy'iperereza.

Ico gikorwa kiri mu ntumbero yo gushira mu ngiro amasezerano yemejwe n'impande zose. Bitegekanijwe ko n'abandi banyororo bapfungiwe ivyiyumviro canke intambara y'umuhari Palipehutu FNL barekurwa.

Amasezerano yemejwe muri Nyakanga 2006 yaragoranye gushira mu ngiro. Umuhuza yibaza kw'irekurwa ry'abo banyororo batandatu bishobora gufasha.

XS
SM
MD
LG