Uko wahagera

Icegera ca Kabiri c'Umukuru w'Igihugu Yabogojwe mu Mabanga Yiwe.


Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza, yakuye mu mabanga icegera ca kabiri, Marina Barampama. Mw'itegeko rimukura mu mabanga Perezida w'Uburundi yandika ko Marina Barampama atubaha kandi ata na kimwe ashoboye.

Iryo tegeko risohotse inyuma y'aho Marina Barampama atitavye ikiraniro kidasanzwe c'umugambwe CNDD FDD, akanagerageza kubuza abatwara kuja mur'ivyo bikorwa. Marina Barampama ashigikiye Hussein Radjabu aherutse gukurwa mu mabanga yo kurongora umugambwe CNDD FDD.

Mu Burundi benshi bavuga ko Marina Barampama ari Umutanzaniya yarafise izina rya Mwamini Shabani, mu nyuma akiyita Umurundi; ni umugenzi cane wa Hussein Radjabu.

Marina Barampama yaramaze amezi atanu gusa ashinzwe amabanga yo kuba icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu. Yasubiriye Alice Nzomukunda yatanze imihoho kubera amakosa yagiriza Hussein Radjabu. Abo bapfasoni bose bava mu mugambwe CNDD FDD.

Abandi bashikiranganji batatu n'ababuramatari bashigikiye Hussein Radjabu biravugwa ko bashobora gukurwa mu mabanga.

Mu mugambwe CNDD FDD biribonekeza ko hariho imigwi ibiri isa n'iyishamiraniye.


XS
SM
MD
LG