Uko wahagera

Jeremie Ngendakumana Asubiriye Hussein muri CNDD-FDD


Mu nyubakwa ya Lycee Burengo, mu ntara ya Ngozi. mu buraruko bw’Uburundi, kw’igenekerezo rya 7 Ruhuhuma ni ho abari mu mugambwe CNDD FDD bahindura abarongoye umugambwe ku rwego rwo hejuru.

Jeremie Ngendakumana yahora aserukira Uburundi i Nairobi muri Kenya ni we yasubiriye uwo bita igihangange, Hussein Radjabu, kuko yatinywa cane n’abanywanyi b’umugambwe.

Abaserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufaransa, Ububirigi, Afrika y’Epfo na Tanzaniya barishikiye i Ngozi gushigikira Perezida Petero Nkurunziza yari mu bateguye uwo mugambi wo gutembagaza Hussein Radjabu.

Hussein Radjabu we ntiyitavye iryo koraniro ridasanzwe ry’umugambe CNDD FDD. Avuga ko ritakurikije amategeko y’umugambwe kandi abandanya yiyita umukuru w’umugambwe.

Inyuma yiwe hariho abanywanyi benshi b’i Muyinga, aho avuka, mu Buyenzi ahaba aba Isiramu benshi basangiye idini, n’abashikiranganji Kalenga Ramadhani ajejwe ivy’amakuru, Saidi Kibeya ajejwe indero, Jean Bigirimana ajejwe imigambi ya reta n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Marina Barampama.

Ikurwa rya Hussein Radjabu rirahimisha Abarundi benshi, baba ababa hanze canke mu gihugu, abanyaporitiki canke abanyagihugu basanzwe. Hussein Radjabu bamwagiriza ko yaremera umukuru w’igihugu mu kwisuka mu bikorwa vya reta no mu guha amategeko umukuru w’igihugu canke abashikiranganji.

XS
SM
MD
LG