Uko wahagera

Umuyobozi wa OLUCOME mu Burundi Yarahawe Agashimwe n'Ishirahamwe FOCODE.


Mu Burundi, umuyobizi w'ishirahamwe OLUCOME rijejwe kugwanya ibiturire n'isesagugwa ry'itunga rya leta, Gabriel Rufyiri yarahawe agashimwe k'Umurundi yakoze atitanga kurusha abandi mu mwaka w'2006.

Ako gashimwe kakaba katanzwe n'ishirahamwe FOCODE, rihuriyemwo abantu bize za kaminuza mu Burundi canke hanze, canke bakiriko baraziga. Bafise mu migenzo yabo igikogwa c'ugutora Umurundi wa mbere ashobora kuba yaritanze kurusha abandi uko umwaka utashe.

Gabriel Rufyiri amenyesha ko yumviseko atewe iteka kubona ari we yatowe uyu mwaka. Avuga ko yakiye ako gashimwe ku wa gatandatu uheza ukwezi kwa mbere kw'uwu mwaka w'2007.

Mu birori vy'ukwakira ako gashimwe hari abantu benshi. Rufyiri avuga ko hari abantu barenga igihumbi. Atangaza ko yanezerewe rwose kubera vyamweretse yuko ivyo akora hari abantu benshi babibona.

Ikiganiro kirambuye na Gabriel Rufyiri haruguru.

XS
SM
MD
LG