Uko wahagera

I Ngozi Inzara Yatumye Abanyeshure Baheba Amashuri.


Abanyeshure ibihumbi bitandatu (6000) ni bo bamaze kumenyekana ko bahevye amashuri ku bera ikiza c'inzara mu ntara ya Ngozi iri mu Buraruko bw'Uburundi. Abaheba amashuri n'abo mu mashuri y'intango, cane cane abo mu myaka ya mbere.

Umuyobozi w'indero mur'iyo ntara, Constantin Niyongabo, avuga kw'ibintu biteye ubwoba, ata gikozwe ngo n'abandi banyeshure bazobandanya guheba amashuri.

Igikenewe ngo n'uko hosubizwaho ibikorwa vyo kugaburira abana, ivyo na vyo bikaba vyigezwe gukorwa na UNICEF ariko vyarahagaze kubera ubukene bw'uburyo.

I Ngozi, co kimwe no mu zindi ntara nyinshi z'igihugu, abantu benshi baramaze kwicwa n'inzara, abandi barata baromoka. Benshi mu basigara basigaye barya ivyatsi canke ibikoko bitaribwa kera, nk'imbwa canke utuyabu.

Amashirahamwe y'ishirahamwe mpuzamakungu asanzwe akorera mu Burundi aherutse kumenyesha kw'akeneye imiriyoni zirenga ijana na mirongo itatu z'Amadorari y'Abanyamerika kugira bashobore gufasha Abarundi babangamiwe n'inzara.

XS
SM
MD
LG