Uko wahagera

Umushikiranganji Ajejwe Umutekano Yategetse Umukuru wa CNDD FDD Gukoresha Inama Idasanzwe y'Umugambwe.


Umushikiranganji Evariste Ndayishimiye ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano mu Burundi yandikiye umukuru w'umugambe CNDD FDD uri ku butegetsi ategeka kw'inama inadasanzwe isabwa n'abipfuza gukura mu kibanza co kurongora umugambwe Hussein Radjabu yoba mu maguru masha.

Mw'ikete ryo kur'uwu wa mbere 28 Nzero General de Brigade Evariste Ndayishimiye amenyesha kw'ivyavuye mur'iyo nama avyiteze imbere y'igenekerezo rya 10 Ruhuhuma. Mu kwihutisha iyo nama umushikiranganji Evariste Ndayishimiye asigua ko bimaze kwibonekeza kw'ingorane ziri mu mugambwe wa Hussein Radjab zatumye umutekano uba muke muturere twinshi tw'igihugu, imibano hagati y'abantu igatosekara.

Tubibutse kw'iyo nama isabwa igabije gukura umukuru w'umugambwe CNDD FDD mu kibanza co kurongora umugambwe.

XS
SM
MD
LG