Uko wahagera

Umukuru w'Umugambwe CNDD-FDD Hussein Radjabu Ashobora Gukurwa mu Mabanga mu Misi Iri Imbere.


Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi umaze imisi urimwo indyane hagati y'abawurongoye. Umukuru w'uwo mugambwe, Hussein Radjabu, n'umunyamabanga wiwe ntibagicana uwaka. Inyubakwa y'uwo mugambwe imaze imisi yugaye. Bamwe bavuga kw'abakozi bari mu karuhuko ariko abandi bavuga ko bijanye n'uko kutumvikana.

Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Manasse Nzobonimpa, asigaye akorera i muhira, iwe. Amenyesha kw'abanywanyi igihumbi n'amajana ane ku gihumbi n'amajana atanu bategerezwa kwitaba inamankuru y'umugambwe basavye inama nkuru idasanzwe mu maguru masha. Intumbero ni iyogukura umukuru w'umugambwe, Hussein Radjab. Inkuru zinyuranye umuntu yokwizera zivuga ko incambwenge nyinshi zo mu mugambwe, harimwo n’umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, bashigikiye iyo ntumbero.

Umukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Hussein Radjabu, yagirizwa kw'atwaza umukazo, yisuka mu bitamuraba mukuremera umukuru w'igihugu, anyonora amatungo y'umugambwe kandi akaba avugwa cane mu madosiye y'ibiturire.

Umuhinga mu vya poritiki Julien Nimubona asigura kw'ingorane ziri mu mugambwe CNDD-FDD ziva ku kutagira porogarama n'ivyiyumvira bitomoye, n'iterabwoba "riranga" umukuru w'umugambwe mu kwifata nk'ikimungu, ntiyumvirize abo yitwa kw'arongoye.

Umugwi w'abantu mirongo itatu n'umunani mu bipfuza kw'ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryoba mu maguru masha warashinzwe kur'uwu w'Imana, ukaba ugiye gutomora neza itariki y'iryo koraniro kaminuza.

Umukuru w'umugambwe, Hussein Rdjabu, yari yatanganje igenekerezo rya 24 Ruhuhuma, ariko abandi bipfuza kw'ibintu vyihuta bakikurako Hussein Radjabu bagiriza kandi kw'ashira imbere ivyiyumviro vy'idini rya Islam mu gutwara umugambwe.

XS
SM
MD
LG