Uko wahagera

Umukuru w'umugambwe CNDD FDD Yahungiye mu Biro vy'Uwuserukira Afrika y'Epfo.


Hussein Radjabu, umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, yahungiye mu biro vy'uwuserukira Afrika y'epfo i Bujumbura.

Hussein Radjabu yashitse yo mu gitondo, isa sita baramufungurira. Mu nyuma abashikiranganji batatu, Karenga Ramadhani, Denise Sinankwa na Jean Bigirimana bamusanze yo, ariko bobo munyuma basohotse.

Hussein Radjabu avuga kw'atahunze ariko kandi akemeza kw'adasohoka kubera ko bamuhinduriye abamucungereraubuzima ngo batamubajije. Ati: “Ndazi ivy'intambara, ivyo bibaye ndazi ico bisigura.”

Hussein Radjabu haheze imisi atumvikana n'abo bitwa ko basangiye gutwara umugambwe, bakaba basaba inamankuru idasanzwe kugira bamukure.

XS
SM
MD
LG