Uko wahagera

Ubutungane bw'i Burundi Bwambitse Izera Uwahoze Ari Umukuru w'Igihugu


Sentare nkuru ica imanza i Bujumbura yambitse izera Domitien Ndayizeye yahoze atwara Uburundi, Alphonse Marie Kadege yahoze ari icegera ciwe, Colonel Damien Ndarisigaranye, Deo Niyonzima na Isidore Rufyikiri bose bagirizwa ko bashatse gutembagaza inzego mu Burundi.

Alain Mugabarabona bari kumwe mu Mpimba bagirizwa icaha kimwe we yaciriwe umunyororo w'imyaka mirongo biri,Tharcisse Ndayishimiye batazira Maconco aciribwa umunyororo w'imyaka cumi n'itanu.Abo babiri bombi mu manza ngo bagiye Bariyemerera icaha co gutegura umugambi wo gutembagaza inzego.

Abashingwamanza ba Domitien Ndayizeye barashima urwo rubanza, ariko bagasaba indishi y'akababaro, co kimwe n'ababuranira Alphonse Marie Kadege bobo mbere bagasaba k'urubanza bashingishije rwerekeye gusinzikarizwa ubuzima rwotera imbere.

Tubibutse k'urwo rubanza rwavuzwemwo abantu benshi, harimwo n'abanyamahanga James Kabarebe arongoye ingabo z'Urwanda, Saleh Salum arongoye ingabo zo mu Buganda, Rose Zimurinda, umunyamabanga wa Museveni, na General Laurent Nkunda akigwanira muri Kongo. Abo bose bavugwa ko bashigikiye umugambi wo gutembagaza inzego zo mu Burundi.

Ingingo ya sentare nkuru y'igihugu yashimishije benshi mu gihugu. Urwo rubanza rwari rurindiriwe cane n'Abarundi, eka n'amakungu.

XS
SM
MD
LG