Uko wahagera

Abakongomani Bagiye Kwinjira mu Burundi Kuri Gusa


Perezida w'Uburundi aherutse guha Abakongomani uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ataco batanze.

Mu mpera y'uwu mwaka w'i 2006 urangiye Perezida Petero Nkurunziza ntiyagiriye umwaka mwiza Abarundi gusa, mu ngingo ziwe z'ukorohereza abantu yarahanaguye amafaranga Abanyakongo bahora bariha ku mbibe Uburundi buhana na Kongo Iharanira Demokarasi.Imbere y'iyo ngingo Umukongomani afise rwa rupapuro bita pasiporo yariha amadorari mirongo ibiri y'Abanyamerika kugira yinjire mu Burundi.

Ku rubibe rw'aho bita mu gatumba uruja n'uruza rw'Abakongomani bashora ibidandazwa canke baza gusuma i Bujumbura, ku mugwa mukuru w'Uburundi, ni rwinshi cane.

Abakenyezi b'Abakongomani, abo bita aba “mamans commercantes", ari na bo benshi mu bakorera i Bujumbura, binjira hafi imisi yose, barashima iyo ngingo. Bavuga ko hariho abatashobora kuza mu Burundi kubera ayo madorari yasabwa, abandi na bo ngo bashima guca mu mazi; bamwe baratwarwa, abadatwawe, ibintu vyabo bikahasigara.

I Kinshasa, ku murwa mukuru wa Kongo Iharanira Demokarasi, ntibarafuta amafaranga arihwa n'Abarundi imbere yo kwinjira muri Kongo. Abarundi bipfuza ko Perezida Joseph Kabila na we nyene yofuta ayo mahera bita aya visa.

Mu karere k'ibiyaga binini Abarundi binjira ku buntu mu bihugu vya Uganda, Urwanda na Kenya. Uburundi na Tanzaniya biri mu biganiro kugira bashobore gufuta amafaranga ya visa. Ivyo bikazoshobora gutangura kuko Uburundi buherutse
kwinjira muri rya shirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko.

Uburundi ni igihugu gikenye cane kandi kiri kure cane y'amabahari n'ibiyaga, ahari ibivuko bikomeye vyakira ibidandazwa biva hanze.

XS
SM
MD
LG