Uko wahagera

Sentare Nkuru i Bujumbura Yambitse Izera Abamenyeshamakuru 2 n'Umuyobozi w'Iradiyo


Kur'uyu wa gatatu, igenekerezo rya gatatu Nzero, ni umusi w'akanyamuneza ku bamenyeshamakuru bo mu Burundi. Sentare Nkuru ica imanza y'i Bujumbura yambitse izera abamenyeshamakuru babiri ba radiyo RPA,Ijwi ry'Abanyagihugu, bari bamaze imisi 43 mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura, n'umuyobozi wa radiyo Isanganiro yaramaze imisi 36 mur'iryo bohero ryo mu Mpimba.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y'indwi zirenga zibiri urubanza rugiye mu mwiherero.

Corneille Nibaruta, umuyobozi wa radiyo Bonesha atigeze yitaba ubutungane, ubu akaba ata wuzi irengero ryiwe, na we nyene yambitswe izera. Abayobozi b'amaradiyo
bakurikiranwa ku rubanza rwari rwashinwze n'igiporisic'i Bujumbura; abamenyeshamakuru babiri ba radiyo RPA,Domitile Kiramvu na Serges Nibizi, na bo
bakurikiranwa bagirizwa ko batanze inkuru ikiri mw'itohonzwa.Iyo nkuru yari yerekeye urubanza rw'abagirizwa ko bashatse gutembagaza inzego.

Ipfungwa ry'abo bamenyeshamakuru ryaranebaguwe cane n'amashirahamwe ategamiye reta mu gihugu hagati no hanze y'igihugu. Irekurwa ry'abo rishitse mu gihe
Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza, yaraherutse, mu mpera z'umwaka urangiye, gufata ingingo yo guhebera amahera arenga imiriyoni amajana atatu z'Amarundi
amaradiyo yaraheraniye reta mu bijanye n'amakori n'ibindi.

Petero Nkurunziza yarahaye kandi abamenyeshamakuru imiriyoni zibiri z'amafaranga kugira bahimbaze umwaka mushasha neza. Perezida w'Uburundi yaragabanije kandi ku bice mirongo itanu amafaranga amaradiyo yarasanzwe arihira ivyuma bikoreshwa.

Izo ngingo zarashimishije cane abayobozi b'amaradiyo n'abamenyeshamakuru, ariko bose babandanya bavuga kw'igikomeye ari uko bagenzi babo bapfunzwe borekurwa.Bakaba babisaba umukuru w'igihugu.

Abo bamenyeshamakuru barekuwe ubutungane bwari buherutse kurekura kandi Terence Nahimana, umukuru w'ishirahamwe ryigenga CIVIC, na Gabriel Rufyiri, umukuru w'ishirahamwe OLUCOME, ryishinze kurwanya kurya ibiturire n'ukunyonora amatungo ya reta. Uwa mbere yaramaze amezi atandatu mu Mpimba, uwa kabiri amezi ane aho nyene. Abaharanira agateka ka zina muntu n'amakungu
bavuga ko bapfungiwe akazi kabo ko kudoma urutoke ku bitagenda neza.

Ku vyerekeye amaradiyo aguma avuka mu Burundi mwomenya k'umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi uherutse kumenyesha ko ugiye, mur'uyu mwaka utanguye, kugurura iradiyo na tereviziyo vyigenga.

Mwumve iyi nkuru irambuye haruguru.

XS
SM
MD
LG