Uko wahagera

Petero Buyoya Yagirizwa kw'Ari mu Bategura Gutembagaza Inzego z’Uburundi.


Umwe mu bantu indwi bapfunzwe bagirizwa ko bashatse gutembagaza inzego zo mu Burundi yemeza k'uwo mugambi wateguwe.

Tharcisse Ndayishimiye batazira Maconco ariyemerera ko yari mu bategura gutembagaza inzego, akemeza k'uwahoze ari umukuru w'igihugu Petero Buyoya yarabifise mwo uruhara rukomeye mu gutanga amafaranga no mu kugirisha amanama amwe amwe.

Tharcisse Ndayishimiye avuga ko Petero Buyoya ari we yatanga amafaranga kugira amanama yabera i Kabare mu Buganda ashoboke, n'ukuvuga amafaranga yo gukoresha, gufungura n'ihoteri.Ivyo ngo yabibwigwa n'uwitwa Gaspard Nshimirimana, ari na we yabakira i Kabare. Petero Buyoya ngo yarakoresha kandi amanama yabera cane cane mu Rutovu aho avuka.

Ivyo vyose, uwo batazira Maconco yabishikirije imbere y'abacamanza mu ntahe y'icese yo kur'uyu wa mbere 18 Kigarama.

Ubwiwe Maconco ariyemerera ko yazana inkoho mu gisagara ca Bujumbura, azivana mu Kirundo, mu buraruko bw'Uburundi. Umugambi ngo watanguye gutegurwa hagati y'ukwezi kwa kabiri n'ukwa gatatu 2006.

Alphonse Marie Kadege yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu apfungiwe icaha co gushaka gutembagaza inzego avuga kw'ivyo Tharcisse Ndayishimiye(Maconco) ata fatiro bifise kuko nko ku vyerekeye Petero Buyoya atari mu gihugu hagati y'ukwezi kwa kabiri n'ukwa gatatu.

Abandi banyororo bose bapfungiwe bimwe na Maconco barahakana icaha, bakavuga mbere k'uwo Maconco ari igikoresho c'ababagiriza. Umushikirizamanza mukuru wa repuburika afata Maconco kw'ari isura kandi akaba no mu bakurikiranwa. Ababurana na bo bavuga kw'ivyo bintu bidashoboka.

Abandi bagirizwa na Maconco ni abanyamahanga batatu atavuga amazina ariko ngo bari muri wa murwi w'abasirikare barungikwa gufasha kugarukana amahoro mu Burundi.

Tubibutse k'urwo rubanza rumaze gutuma abamenyeshamakuru babiri n'umuyobozi w'iradiyo batabwa mu munyororo ku buryo batanze inkuru zijanye n'urwo rubanza.

Ibindi bisobanuro kuri iyi nkuru haruguru.

XS
SM
MD
LG