Uko wahagera

James Kabarebe na Laurent Nkunda Bari Bashigikiye Coup d’Etat mu Burundi.


Mu ntahe y'icese yo kur'uwu wa gatatu, ku rubanza rw'abagirizwa ko bashatse gutembagaza inzego, uwaserukiye umushikirizamanza mukuru wa repuburika mu Burundi yamenyesheje k'umukuru
w'igisoda c'Urwanda James Kabarebe ari mu bari
bashigikiye ihirikwa ry'inzego mu Burundi.

Abandi bavugwa ni Umudandaza Rujugiro w'Umunyarwanda, Abaganda babiri bakomeye: Rose Zmurinda asanzwe ari umunyamabanga wa perezida Yoweri Museveni, na Saleh Salum avugwa kw'ari umuvukanyi wa Perezida Museveni.

Haravugwa kandi wa mu Jenerari Laurent Nkunda wo muri Congo, n’Abanyamurenge bandi babiri: umwami Bwema n'uwitwa Deogratias Bugera.

Ivyo vyose bivugwa n'uwaserukiye ubutungane mur'urwo rubanza. Abo bose ngo bakorana n'Abarundi, barimwo uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Uburundi, Domitien Ndayizeye,
n'icegera ciwe Alphonse Marie Kadege.

Abo Barundi n'abanyamahanga ngo bari bahurikiye mu vyo bita "Club de Kampala", akagwi ngo kahavuye kavyara akandi ko mu Burundi k'abapfunzwe bagirizwa gutembagaza inzengo bita "Front des Patriotes".

Intumbero ngo zari zibiri: gutembagaza ubutegetsi bw'i Bujumbura, n'ugufasha Laurent Nkunda kurwana muri Kongo aciye mu buseruko bw'ico gihugu.

Urubanza ruzobandanya ku musi wa mbere kw'igenekerezo rya 18 Kigarama.

XS
SM
MD
LG